Intambwe nyamukuru zimirije za Ethereum zaramaze kwitwa izina. Zizokwitwa Cancun na Deneb. Ihinyanyurwa rishasha ryimirije ry’ubuhinga ryaje rikwirikira ihinyanyurwa ryitiriwe Shangai. Hategerezwa kuzanwa ubuhinga bushasha bwitwa Danksharding, ni ukuvuga iki?
Nk’uko mubizi Cancun ni igisagara co muri Mexique. Ni ico gisagara co muri Amerika yo mu bumanuko cabereyemwo inama yateguwe na Ethereum ku bajejwe guteza imbere aya mahera, abayashinze be n’abanyamitahe muri ico gisata, iyo nama yiswe Devcon. Deneb ni izina ryitijwe ariryo ikinyenyeri co mu murwi w’ibinyenyeri vyaka cane umuntu ashobora kubona n’amaso mu gice c’uburarukobw’isi. Cancun ni izina rero ryahawe uko guhinyanyura indinganizo zigize igisata nshingwa bikorwa mu mahugurwa yimirije yitwa Hard Fork. Deneb, yoyo ubwayo ni igisata gifatiye ku bwumvikane.
Hard Fork ni ihugurwa ridasanzwe ry’ubuhinga rituma abakoresha ico gisata bimukira mu ndinganizo nshasha mu gihe bifuza kuguma bakoresha ico gisata. Igisata c’ubwumvikane ni ihwaniro ry’abakozi b’imbere bajejwe kwemeza ihanahanwa ry’amahera. Abo bakozi b’imbere kuri uwo muhora nibo bajejwe kwemeza ihinyanyurwa ry’igisata, ivyo bigakorerwa mu bwumvikane arico twita Decun. Iyo amahinyanyurwa abiri yakoze mu runani. Akarusho tugasanga mu mugambi w’iterambere wa Ethereum bita” Ethereum improvement proposal numero 4844 ( EIP -4844) mu rurimi rw’icongereza.
Mu ntimatima y’ihugurwa Hard Fork hari ubuhinga bwa Ethereum bita Danksharding. Ubwo buhinga bwashizweho kw’izina rya proto – Danksharding. Ubwo buhinga ni kirumara kuko burazimbutse kandi butuma haba ihanahanwa ry’amahera ku rugero runini biciye kuri wa muhora wa ” Blockchain”. Ikoreshwa rya ” Danksharding ” ryatumye hashobora kuba ihanahanwa ry’amahera incuro 100.000 ku musegonde Kandi ku giciro gitoya. Ubwo buhinga rurangiranwa twobusigura gute?
Ico gikorwa catangujwe n’abahinga babiri mu vy’ubuhinga ngurukana bumenyi aribo Dankrad Feist na Diederik Loerakker. Nibo bashizeho proto- Danksharding. Proto-Danksharding ni ubuhinga bwo gutunganya amakuru nkenerwa bwubakiye kuri wa mugambi wa Ethereum witwa EIP – 4844 . Ubwo buhinga ntiburaheza kunagurwa gushika kuco babwitezeko birasaba umwanya utari muto kugira iryo nagurwa ribe ku mpande zose . Muri Kino rero inagurwa Dencun niryo rizoca ribisanganya.
Ubwo buhinga bufise ihangiro ryo gutuma ihanahanwa ry’amahera rinyaruka kandi rizimbuka. Nico gituma bikorerwa ku mbuga ntanga kivi z’urubuga ” Blockchain” kugira urwo rubuga rugire ubushobozi bunini. Nk’uko twabibonye nivyo twita layers 2. Uwo mugambi ushimikiye kuri izo mbuga ntanga kivi layers 2 za Ethereum . Dufatiye nk’akarorero k’imihora nka Arbitrum , Optimism canke ZKSync . Yose irungika amakuru yayo ku mwanya ku mwanya kuri Ethereum , agakingirwa , akandikwa , agashingurwa.
Ariko rero, ayo masezerano atwara uburyo bunini be n’ikibanza kinini aho abitswe kuko abitswe biba biheze , agumako umwanya wose , ivyo rero bigatuma ibibanza bikeha. Mu gutorera inyishu ico kibazo proto-Danksharding ica ifasha mukwegeranya ibihari kugira haboneke ibibanza bishasha kuri Ethereum. Mu kubitunganya hishimikizwa ingingo ivuga ko bidakenewe kubika ayo makuru avuye ku mbuga zitandukanye, ko ukwezi kumwe gushika kuri 3 gukwiye kubika ayo makuru kuri ca gisata ca mbere layer 1 mu nyuma akimurirwa kuri layer 2 hakurikijwe amasezerano ahari. Kugira ivyo bikunde umugambi wo kuryohora Ethereum witwa EIP – 4844 warasizeho igisata citwa Blobs de données kijejwe kugenda kirakubura ibidakenewe ububiko buremuruke.
Amakuru agenda arafutwa mu bubiko uko ukwezi kumwe guheze gushika kuri 3. Ivyo biva ku masezerano y’ubwumvikane hagati y’abanywanyi bemeza ko uwo mwanya ukwiye kugira abajejwe urubuga baba basuzumye ayo makuru kandi bayemeje. Ayo makuru nyezina arashobora kubikwa ku zindi mbuga z’abakozi bakoresha ubwo buhinga. Benshi bariteze ko ishirwaho ry’umugambi EIP – 4844 rishobora gutangura imbere y’uko ici ritangura. Ariko ivyo turacabirindiriye.
Vyahinduwe mu Kirundi na E.N